Umugani w'ubushwiriri (1) :

Ubushwiriri bwari bufite se, yarabubyaye ari butandatu, hanyuma arapfa.

Umunsi umwe, bwigira inama buti «tujye guhakirwa inka.»

Ubushwiriri bujya guhakwa.

Bumaze kugabana inka imwe, burataha.

Busohoye bujya inama buti «turye iyi nka, nitumara kuyirya dusubire kwa databuja, aduhe indi.»

Inama yo kurya inka imaze kunoga, ubushwiriri butoranya imirimo, kamwe kati «ndajya gusenya inkwi.»

Akandi kati «ndajya gukura amashyiga.»

Akandi kati «ndajya kurahura.»

Akandi kati «ndajya kuvoma.»

Tubiri, agakuru n'agato, dusigara aho.

Kamwe kati «Ndabaga.»

Akandi kati «ndagufasha.»

Ubushwiriri bujya ku mirimo yabwo.

Ubwasigaye imuhira, inka burayica, burayibaga, inyama buzigira neza, buratondora.

Ubwari bwagiye ntibwagaruka.

Akari kagiye gusenya kagize ngo karavuna urukwi, kanyerera intagarane, karapfa.

Akagiye kuvoma, kabona igicucu cyako mu mazi kati «yewe wa mwana we uri mu mazi urakora iki? Reka nze ngukubite!»Karasimbuka kitera mu mazi, kamira nkeri, karapfa.

Akari kagiye gukura amashyiga akitura hejuru, karapfa.

Akari kagiye kurahura, kagenda kiruka, karanyerera, kikubita hasi intagarane, na ko karapfa. ./..

Ibikurikira murabisanga kuri paji (page) Umugani w'ubushwiriri (2) ...


Urundi rutonde
Amaco y'inda (1) :
Umugani wa cacana (1) :
Ruhato n'agasamuzuri (1) :
Imana iruta imanga (1) :
Utazi ubwenge ashima ubwe :
Ngoma ya sacyega (1) :
Umugani wa Ngunda (1) :
Umukobwa wo mu gisabo (1) :
Ngarama na Saruhara (1) :
Ikirura n'umwana w'intama :
Umugani wa Nyiranda (1) :
Umugani w'ubushwiriri (1) :
Urwango rw'injangwe n'imbeba :
Umunebwe n'Umunyabwira :
Karyamyenda :
Imbwa n'igisambo :
Umusaza n'abuzukuru be (1) :
Uburyarya bwa bakame (1) :
Umugore w'umutindi nyakujya (1) :
Nyiramwiza (1) :
Umugani wa ndabaga (1) :
Umurage w'abavandimwe batatu (1) :
Umugani wa Nyarubwana (1) :
Umugani wa Nyashya na Baba (1) :
Imbeba y'inyamerwe :
Umugani w'uruyongoyongo :
Ugiye iburyasazi :
Umwana w'ingayi :
Inzozi z'umuntu w'umukene (1) :
Ikirura na Bwiza (1) :
Biraro Mutemangando (1) :
Umugani wa Ngunda (2) :
Umugani wa Ngunda (3) :
Umugani wa Ngunda (4) :
Umugani wa Ngunda (5) :
Umugani wa Ngunda (6) :
Amaco y'inda (2) :
Biraro Mutemangando (2) :
Ikirura na Bwiza (2) :
Imana iruta imanga (2) :
Inzozi z'umuntu w'umukene (2) :
Ngarama na Saruhara (2) :
Ngarama na Saruhara (3) :
Ngoma ya sacyega (2) :
Nyiramwiza (2) :
Ruhato n'agasamuzuri (2) :
Uburyarya bwa bakame (2) :
Uburyarya bwa bakame (3) :
Umugani w'ubushwiriri (2) :
Umugani wa cacana (2) :
Umugani wa ndabaga (2) :
Umugani wa Nyarubwana (2) :
Umugani wa Nyarubwana (3) :
Umugani wa Nyashya na Baba (2) :
Umugani wa Nyashya na Baba (3) :
Umugani wa Nyashya na Baba (4) :
Umugani wa Nyiranda (2) :
Umugore w'umutindi nyakujya (2) :
Umugore w'umutindi nyakujya (3) :
Umukobwa wo mu gisabo (2) :
Umukobwa wo mu gisabo (3) :
Umurage w'abavandimwe batatu (2) :
Umusaza n'abuzukuru be (2) :
Ngoma ya sacyega (3) :